letras.top
a b c d e f g h i j k l m n o p q r s t u v w x y z 0 1 2 3 4 5 6 7 8 9 #

letra de iyo tugana - pas cal feat kolly the magic

Loading...

[chorus:kolly the magic]
burya iyo tugana harabona (iyo tugana harabona)
nimba utahabona niwe utabishaka (urahabona sha)
kuko iyo tugana harabona ( harabona)
nimba utahabona niwe utabishaka

[verse 1:pas cal]
uwamabaye izimuroka,uwumuravye niwe atuka
ntawutikanga umugera bamubwiye ko anamvye
ntawabiruhiye yabiriye adakaravye
inyuma y’igitsure ntihama umutima usivye
amenyo arinze agutwenga ari ayawe
kwinyegeza ay’abandi ntibiba bigikenewe
amanyama y’agashambara ntateba guhera
ntumenya ibikamomora ugasenga ababarira
abatagira amenyo ntawubarira
abadashaka kwumviriza naho ubabarira
akerera k’umurwayi umurwaza niwe amira
ariko ntikibuza ko umurwayi ateba agakira
urutoki rukugeze imuhogo rurakudaha
amaboko maninimanini siyo agora iboha
akaguturutsemwo koko kogutaha
ico umwana yonse nico avyibuha

chorus:
burya iyo tugana harabona ( iyo tugana harabona)
nimba utahabona niwe utabishaka (urahabona sha)
kuko iyo tugana harabona( harabona)
nimba utahabona niwe utabishaka

[speech:pas cal]
iyo tugana harabona neza nk’umurindi w’indege
ni nk’inyenda muvano ya ndyogo iyo ikwaritse muntege
uhagurutse urazi ikiba, wicaye urazi ikiba

chorus:/

[verse 2:pas cal]
iyo tugana,harabona neza,uvuze ko hatabona uba wirengagiza
reka kwigirisha,kubera amaso yoyo ntaco yigera aguhisha
ubonye uba ubonye,ico wabonye uba warabonye
ico warabutswe ntigisubira kuba gisha
uranyereka umwotsi atanzu iriko irasha
ico utarabona ni nko hirya y’ikorosi
sic0kimwe n’ico amatwi yumvise
ariko warumvise uba warumvise
ibi sindabisubiramwo uraba uvyumvise
icarico cose ukigize iryambere,ntarindi ryambere ribaho
uryohewe ukagira irya kabiri ukagumaho
kenshi kurya gatatu urasesa ubufu
uwuhaga imbuza kwatsa ahera kw’ipuff
ubudasa si bunini hagati y’ururo n’urwamfu
niwe uhitamwo urwo ugenya cank ukimyiza ibamfu

chorus:/

[verse 3:pas cal]
umize itongi yambere hakurikira iya kabiri
akabigira kabizi kurira kuburiri
iyo ugitera imistari uba uzi ko inyishu ari zibiri
soit urya ifoto soit urya i potau
ntawutabona impera y’umugangi n’umusto
bagifatana iyobagana haba habona nko munda y’ingona
inzira iganayo ngira ntawutayibona
nturabona uwutuka igiti ariwe yagisetse
amazi asesetse nivyo ataruka aduga
ariko impera n’imperuka atemba amanuka
ubumaze gutagata si bwose bwama busha
uwuzi kubanga ingata siwe ayiha umugisha
iyiza kurisha naho itohera kunama
iyizi kurisha iririnda gucurama
iyo tugana habona kuburyo butomoye
naho ufunga amaso uguma ubona nk’uwukanuye

chorus:/

[speech:pas cal]
ndibuka aba n-ggasoul barabivuze muri make
ngo riski ya mmbwa iko miguuni mwake
ariko riski y’umuntu iko mikononi mwake
n’uko gusa abantu ari ba bahe biyake

[verse 4:pas cal]
umugisha w’intozo umugendera mumaguru
umugisha w’umuntu umugendera imbere y’amaguru
benshi bishinga kugenda baraba hejuru
imigisha ibari imbere bakayitera imigere ngo ntibayibona
kandi bazi neza ko baravye imbere bayibona
burya kubona ntibisigura gukanura
nico gituma kenshi impumyi zishobora
gukora ivyo abakanura benshi badashobora
ntabumuga buruta kutabona kandi ukanura
ntabumuga buruta kwumva ariko udatahura
nka wamunyagihugu yishinga amajambo y’abanya politike
twari twamubwiye ko benshi babesha abo ba types
ubu yirirwa mumarira ari : ” ntibwira”
bwije ubwoba bukamwica,ntagisinzira
none ivyo yotubesha ngo ntiyigeze avyicura
ca gihe kitaragera?

[chorus:kolly the magic]
burya iyo tugana harabona ( iyo tugana harabona)
nimba utahabona niwe utabishaka (urahabona sha)
kuko iyo tugana harabona( harabona)
nimba utahabona niwe utabishaka

letras aleatórias

MAIS ACESSADOS

Loading...